Pakistan: Abarenga 30 bahitanywe n'igisasu

Ahaturikiye igisasu i Peshawar uno munsi
Image caption Ahaturikiye igisasu i Peshawar uno munsi

Igisasu caturikiye mw'isoko mu muji wa Peshawar uri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Pakistani cahitanye abantu bashika 33 abandi benshi barakomereka.

Igipolisi kivuga ko ico gisasu caturikiye mw'isoko rya Kissa Khwani, amangazini n'imiduga birasha.

Iki gisasu gikurikiye ibindi bibiri vyaturitse mu ndwi iheze bihitana abantu bashika 80 kw'isengero riri mu muji.

Kuwa gatanu abantu bashika 17 barishwe igihe ibisi yari itwaye abakozi ba leta yaturikiramwo igisasu hafi ya Peshawar.

Peshawar niwo muji mukuru w'intara ya Khyber Pakhtunkhwa, ukaba muri ino myaka ubangamiwe n'ibitero vyinshi vy'ibisasu, bikavugwa ko biterwa n'abarwanyi b'aba Taliban.