Charles Taylor azopfungirwa mu Bwongereza

Charles Taylor
Image caption Charles Taylor

U Bwongereza bwemweje ko uwahoze atwara Liberia, Charles Taylor, azorungikwa mu Bwongereza gupfungirwayo imyaka 50 yakatiwe ahamwe n'ivyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu.

Umushikiranganji w'u Bwongereza ajejwe ubutungane, Jeremy Wright, yavuze ko ari inyishu ku vyasabwe na sentare yihariye kuri Sierra Leone.

Yavuze kandi ko leta y'u Bwongereza izotanga amahera azokenerwa kw'ipfungwa rya bwana Taylor.

Mu mwaka uheze, Charles Taylor yahamwe n'icaha co gufasha abarwanyi muri Sierra Leone mu gihe c'intambara yo mu gihugu hagati mu myaka y'1990.

Haciye indwi zibiri atsinzwe urubanza yunguruje ku gihano yari yahawe.