AU: Prezida Uhuru yamaganye ICC

  • 12 Ukw’icumi 2013
Urubanza rwa Uhuru
Image caption Prezida Uhuru Kenyatta muri ICC

Umukuru wa Kenya, Uhuru Kenyatta, yamaganye urukiko mpuzamahanga mpanabyaha ICC, ko rufite amacakubiri, rubogamye kandi ko ari igikoresho cy'ibihugu by'iburayi kugirango byivange muri Afrika.

Mw'ijambo yabwiye abakuru b'ibihugu by'Afrika bari bakoraniye i Addis Ababa muri Ethiopia, Prezida Kenyatta yavuze ko ICC yabaye nk'igikinisho gikoreshwa na ba mpatsibihugu.

Umuryango w'ubumwe bw'Afrika wemeje ingingo yuko nta mukuru w'igihugu uri k'ubutegetsi uzaburanishwa n'urwo rukiko mpuzamahanga mpanabyaha.

Iyo ngingo kandi ivuga ko bwana Kenyatta atazitaba urwo rukiko mu rubanza rwe rwari ruteganijwe i La Haye mu kwezi gutaha.

Umushikiranganji wa mbere Ethiopia, Hailemariam Dessalegn yavuze iyo nama atari urugamba rwo kurwanya ICC ariko ko ari ugusaba urwo rukiko guha uburemere ikibazo cy'Afrika.

Bwana Dessalegn yavuze ko urubanza rwa Prezida Uhuru Kenyatta wa Kenya na Omar al-Bashir wa Sudan, bombi baregwa ibyaha byakorewe inyoko muntu, rushobora guhungabanya umugambi w'amahoro uri gukorwa muri ibyo bihugu.

Hagati aho urukiko mpuzamahanga mpanabyaha rwemereye bwa mbere igihugu kuburanisha umuntu rwashakishaga.

ICC yemereye Libya ko yaburanisha uwahoze ashinzwe iperereza ku butegetsi bwa Colonel Gaddafi, bwana Abdullah al-Senussi.