Charles Taylor yajanywe mu Bwongereza

Charles Taylor yahoze ari umukuru wa Liberia
Image caption Charles Taylor yahoze ari umukuru wa Liberia

Uwahoze ari umukuru w'igihugu wa Liberia, Charles Taylor, yakuwe mw'ibohero yarimwo mu Buholandi ajanwa mu Bwongereza guherezayo igifungo.

Yakatiwe na sentare ya ONU igifungo c'imyaka mirongo itanu kubera ivyaha vyo mu ntambara yahamwe, vyerekeye gufasha abarwanyi mu ntambara yo muri Sierra Leone.

Muri iyo ntambara, abarwanyi barica abanyagihugu, bakabaca ibikonjo bakaninjiza abana mu gisirikare.

Abo barwanyi bishura Taylor amabuye y'agaciro ya diamand kubera ukwo kubafasha.

Bwana Taylor yari yizeye kurungirwa mu Rwanda agapfungirwayo, aho avuga ko vyokoroherwa umuryango wiwe kumuramutsa, ariko sentare yavuze ko u Bwongereza arico gihugu conyene cemeje ko kizokwubahiriza igihano yahawe.