Abantu barenga 10 bahitanywe n'indege mu Bubirigi

Image caption Ikarata y'Ububirigi

Iyo ndege yari itwaye umurwi w'abantu baja gukora imyimenyerezo yo gukoroka mu kirere, aho yatibutse ikimara gutangura urugendo, ihitana abari bayirimwo bose.

Nkuko bimenyeshwa n'iyandikiro ry'amakuru ry'abafaransa AFP, iyo ndege yoba yari iturutse ku kibuga gito ca Temploux, ikoroka haheze iminuta cumi gusa itanguye urugendo.

Ibaba ryayo ngo birashoboka ko ryoba ryononekaye nk'uko bitangazwa n'ibinyamkuru vy'Ububirigi.