Imiriro ya nyakanga yateye muri Australia

Image caption Imiriro ya nyakanga muri Australia

Gutangaza ingingo zo mu bihe bidasanzwe kuje mu gihe bimaze kugaragara ko ibinti bigiye kuyangara, aho ubushuhe n'imiyaga vyiteze kuduga.

Mu burengero bwa Sydney niho hababaye cane, aho n'ubu vyananiranye guhangana n'iyo miriro imaze gutwara amazu 200.

Abategetsi bavuga ko ariwo muriro wa mbere wa nyakanga ukomeye ico gihugu ca Australia kimaze kubona mu kiringo c'imyaka 40.

Izo ngingo zo mu bihe bidasanzwe ngo zishobora gufasha abariko barazimya guca amatara na gas aho bikenewe mu kirirngo c'ukwezi kiri imbere.

Abantu baharurwa mu majana ntibagira aho bakika umusaya, umwe akaba yaguye mur'uwo muriro.