FARDC yasubiranye Kibumba iyatse M23

  • 26 Ukw’icumi 2013
Abasirikare ba Kongo ku rugamba mu kwezi kw'indwi
Image caption Abasirikare ba Kongo ku rugamba mu kwezi kw'indwi

Igisirikare muri republika iharanira demokrasi ya Kongo kivuga ko casubiranye umuji wa Kibumba nyuma yo kuhirukana abarwanyi ba M23.

Umuvugizi w'igisirikare yavuze ko abarwanyi ba M23 basubiye inyuma berekeza ku rubibe n'igihugu c'u Rwanda.

Iyo mirwano ibera hafi y'umuji wa Goma, yadutse kuwa Gatanu, haciye iminsi mike ibiganiro vy'amahoro vyabera i Kampala muri Uganda, bihagaze.

Iyi mirwano niyo ikomeye cane imaze kubera mu buseruko bwa Kongo mu kiringo c'amezi abiri.