OPCW: Syria igamije gusambura ibirwanisho vy'ubumara

Abagenduzi ba OPCW ku kazi muri Syria
Image caption Abagenduzi ba OPCW ku kazi muri Syria

Umugwi ujejwe kubuza ibirwanisho vy'ubumara, OPCW, uvuga ko Syria yashikirije umugambi wo gusambura ububiko bwavyo.

OPCW ivuga ko Syria yashikirije urwandiko ruriko uwo mugambi kuwa Kane, hasigaye iminsi itatu ikiringo ntarengwa yari yahawe ngo gihere.

Uwo mugwi ufise intumbero yo kugenzura muri Syria amahinguriro hamwe n'ububiko vyose hamwe bishaka ku 23, ico gikorwa kigategerezwa guhera uno munsi.

Vyashitse kuwa Gatanu OPCW imaze kugenzura ibibanza cumi n'icenda.

OPCW igomba kandi kuba yasambuye ivyo birwanisho vyose gushika ku tariki ya mbere z'ukw'icumu na rimwe.