Makenga yitanze ku butegetsi muri Uganda

Sultani Makenga
Image caption Umukuru wa M23 Sultani Makenga

Abategetsi muri Uganda bavuze ko umukuru w'inyeshyamba zo mutwe wa M23 yitanze ku butegetsi bwa Uganda.

Haravugwa ko Sultani Makenga yitanze hamwe n'abarwanyi babarirwa mu majana.

Izo nyeshyamba zitanze ku gisirikare cya Uganda muri parki y'igihugu ya Mgahinga, iri ku mupaka wa Uganda na Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo.

Kuwa kabiri M23 yamenyesheje ko ihagaritse imirwano yari imaze amezi 20 mu burasirazuba bwa Congo nyuma yuko ingabo z'igihugu, zifashijwe n'ingabo za ONU, zirukanye izo nyeshyamba mu gace kazo kanyuma.