Ibiganiro kuri Iran birakomeje iGeneve

  • 9 Ukw’icumi na rimwe 2013
Image caption Ahabera ibiganiro iGeneve ku mugambi wa nucleair wa Iran

Bwana Fabius yemeza ko Iran n'ubu ikinana kwemera gushira mu ngiro ivyo isabwa.

Iran isabwa guhagarika kurwiza ibibanza bihingurirwamwo plutonium, no kugabanya ubushobozi bwa Uranium ku buryo adashobora guhingurwamwo igisasu ruhonyanganda "bomb atomique".

Icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire wa Iran, Abbas Araqchi, yavuze ko ivyo biganiro birangirana n'uno munsi.

Avuga ko hamwe batoshika ku mwumvikano, ibisigaye bazobiganira ikindi gihe.