Umushikirizamanza wa leta ya Libya yishwe

Image caption Ikarata ndondagihugu ya Libya

Mw'ijoro ryakeye, aba polisi babiri barasiwe mu muji Benghazi.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch rivuga ko abantu batari munsi ya 50 bapfuye mu mwaka uheze, mu bisa n'aho ari ubwicanyi butota abanyepolitike muri iyo miji yo mu buseruko.

Habaye kandi uruhagarara mu murwa mukuru Tripoli mu ndwi iheze, aho imirwi idacana uwaka yatanye mu mitwe.

Hakoreshejwe ibirwanisho bikomeye birimwo inkoho zirasa indege n'ibindi bisasu vyumvikanye mu bice vyinshi vy'umuji.

Abantu bagera kuri cumi barahasize ubuzima.