Ingaruka z'igihuhusi caciye muri Philippines

Image caption Imodokari zatwawe na Haiyan muri Tacloban, mu ntara ya Leyte, 08/11/13

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare Croix Rouge muri Philippines, Gwendolyn Pang, yabwiye BBC ko bariko baratohoza amakuru avuga ko hari ibiziga vyinshi bireremba mu micungararo y'umuji wa Tacloban.

Croix Rouge ikeka ko abashika ku gihumbi boba baraye bahitanywe n'ico gihuhusi, aho Tacloban mu ntara ya Leyte.

Rivuga kandi ko hari ibindi biziga amajana abiri vyabonetse mu yindi ntara.

Croix Rouge imenyesha ko iriko igerageza gufasha abarokotse.

Igisirikare catanguye igikorwa gikomeye co gutabara, ariko amabarabara menshi ntashoboka gukoreshwa kubera imyuzuri