Ubuhinde ntibuzoja mu nama ya Commonwealth

Image caption Manmohan Singh ariko aramukanya na perezida wa Sri Lanka Mahinda Rajapaksa mu 2010

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuhinde yakomeje gushirwa agahato n'abo mu gihugu ciwe bamusaba kutitabira iyo nama izohuza ibihugu vyategetswe n'Ubwongereza, izobera muri Sri Lanka.

Ivyo vyaturutse kuko igisirikare ca Sri Lanka kirerwa ivyaha vy'intambara vyakozwe mu mezi ya nyuma y'igihe cari gihanganye n'abarwanyi b'aba "Tamil Tigers".

Kuber'izo mpamvu nyene umushikiranganji wa mbere wa Canada amaze kuvuga ko atazoja mur'iyo nama.

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Sri Lanka avuga ko kutaboneka kwa bwana Singh ataco kuzotwara iyo nama.