Syria: Abatavuga rumwe na leta bazoja i Geneve?

  • 10 Ukw’icumi na rimwe 2013
Image caption Abari mu nama iheruka iGeneve kuri Syria

Umurwi Syrian National Coalition uratangaza mu mwanya uri imbere, niba uzoja mu biganiro na leta ya Syria i Geneve.

Mu kiganiro yatanze Istambul, umuvugizi w'uwo murwi Khalid Saleh, yavuze ko urunani rw'abatavuga rumwe na leta rushigikiye inzira y'ibiganiro.

Ariko ngo perezida Assad nta kibanza afise, mu mugambi wa politike n'umwe wo mu kiringo c'infatakibanza.

Leta ya Syria imenyesha ko itemera ko hagira na kimwe kirinda gusabwa imbere yo kwitaba iyo nama yiswe Geneve ya kabiri, izoba mu mpera z'uku kwezi.

Ibihugu vya Leta zunze ubumwe za Amerika n'Uburusiya biritezwe kuja muri iyi nama ifise intumero yokurangiza intambara zimaze imyaka ibiri n'igice muri Syria.