Ibiganiro vya Congo mu mayira abiri

  • 12 Ukw’icumi na rimwe 2013
Bamwe mu barwanyi ba M23 bishikanye muri Ugamda

Hari amakuru avuga ko intumwa za leta ya Congo zoba zaravuye mu muji wa Kampala, ahabera ibiganiro.

Umuvugizi wa leta ya Congo Kinshasa, Lambert Mende, anegura umuhuza mur'ivyo biganiro vya Kampala, ko ariwe yatumye bidashobora kubandanya.

Ariko abo muri leta ya Uganda, isanzwe ifasha izo mpande zompi kumvikana mu nzira yo kugarura umutekano mu buseruko bwa Congo, bavuga ko ata ruhara babifisemwo.