Misiri yakuye amategeko y'umukwabu

Image caption Abasirikare ba Misiri bariko barasaka mu gihe c'umukwabu iCairo 19/08/13

Abashigikiye Morsi baharurwa mu bihumbi baratawe muri yompi mu gihe c'imyiyerekano ya minsi yose, aho banka ko akurwa ku butegetsi.

Ayo mategeko yafashije leta ya Misiri gufata abantu hatarinze gutangwa imitahe, no gusaka amazu yabo.

Umunyamakuru wa BBC ariyo, avuga ko ibi bidasigura kohazoba umwidegenvyo gusunvya mu mabarabara.

Abajejwe umutekano bakwiragijwe mu miji kubahiriza umutekano, kandi leta yiteguriye gushiraho itegeko rishasha ribuza imyiyerekano.