ONU yemeye ko yatereranye Philippines

  • 14 Ukw’icumi na rimwe 2013
Abasirikare ba Amerika bariko bafasha gutwara infashanyo zishitse muri Philippines kuwa 14/11/13

Valerie Amos yavuze ko hakiri ibice vyasinzikaye abajejwe gutabara batarashobora gushikamwo kugeza ubu, n'aho igikorwa co gutabara gitanguye gufata umuvuduko.

Hari ibarabara rikuru ryamaze kugururwa rija mu ntara ya Tacloban, ahasinzikaye cane kurusha ahandi.

Umunyamakuru wa BBC ari mu kazinga ka Cebu, avuga ko infashanyo z'ibifungurwa n'amazi bitanguye gutangwa aho muri Tacloban.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Philippines, Enrique Ona, yavuze ko ababacishamwo ijisho bavuga ko leta itatabaye, bomenya ko igihuhusi Haiyan cari gifise ubukari busumba incuro gatatu icari cateye muri Nouvelles Orleans bataziriye Gatarina.