Ubushinwa burashaka kwiga ku ngigo yo kuvyara

  • 15 Ukw’icumi na rimwe 2013
Image caption Abashinwa bashobora kwemererwa kugira abana barenze umwe

Ubushinwa bwiteguye gutezura gato ku ngingo yari ihasanzwe yo kuvyara umwana umwe gusa kuri buri muryango.

Ikinyamakuru ca leta kivuga ko iyo abagize umuryango barimwo ikinege, uwo muryango ngo uzokwemererwa kugira abana babiri, aho kuba umwe gusa.

Ikinyamakuru Xinhua, catangaje kandi ko Ubushinwa buzokuraho uburyo bwo gukoresha abarerwa ivyaha ndetse n'abanya politike, mu makambi ameze nk'amabohero.