ONU yanze ko urubanza rwa Kenyatta rusubikwa

  • 15 Ukw’icumi na rimwe 2013
Uhuru Kenyatta
Image caption Umukuru wa Kenya, Uhuru Kenyatta

Inama nkuru y'umutekano kw' isi yanse gushigikira icifuzo c' uko urubanza rwa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ikurikiranamwo perezida wa Kenya n' icegera ciwe, rwokwigizwayo.

Ingingo yo gutenyenya kuburanisha perezida Uhuru Kenyatta, n' icegera ciwe William Ruto mu kiringo c'umwaka, yari yatanzwe n'Ubumwe bwa Afrika.

Abantu indwi mu bagize inama nkuru y' umutekano, harimwo uwuserukira Uburussiya n' Ubushinwa, bashigikiye iyo ngingo. Abandi umunani, barimwo leta zunze ubumwe z'Amerika n' Ubwongereza, bayanse.

Perezida Kenyatta n'icegera ciwe William Ruto bariko bakurikiranwa ku vyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu, mu gihe c' ubwicanyi bwabaye inyuma y'amatora yo mu 2007 muri Kenya.