Nsekera ntakiri umukuru wa FFB

  • 18 Ukw’icumi na rimwe 2013
Lydia Nsekera
Lydia Nsekera

Lydia Nsekera asanzwe ari mu mugwi nshingwabikora wa FIFA, yatsinzwe mu matora y'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi, FFB.

FFB ivuga ko Nsekera yatsinzwe ku manota 25 kuri 31 ya Reverien Ndikuriyo, asanzwe ari umushingamateka, mu matora yabaye ejo kuwa Mungu.

Nsekera yari atwaye FFB kuva mu 2004, akaba yari umwe mu bagore bake mu mateka y'umupira w'amaguru bari bamaze kugira ikibanza nk'ico.

Mu kwa Gatanu yoterewe kuja mu mugwi nshingwabikorwa wa FIFA ikiringo c'imyaka ine, akaba ariwe mugore wa mbere amaze kuja muri uwo mugwi.

Nsekera yabanje kuba muri uwo mugwi ku rwego mfatakibanza mu 2012, mu nyuma aza gutorerwa kuwujamwo icese n'ibihugu vy'ibinyamuryango vya FIFA.

Lydia Nsekera azoguma ari muri uwo mugwi, naho yatakaje ububasha bwiwe ku rwego rw'igihugu c'u Burundi.