U Bufaransa: Barahiga uwarashe imbere ya banki Société Générale

Abapolisi mw'itohoza i Paris
Image caption Abapolisi mw'itohoza i Paris

Igipolisi mu Bufaransa kiriko kirahiga umugabo yarashe imbere y'ibiro vy'ikinyamakuru n'ivy'ibanki ikomeye biri mu muji wa Paris.

Umuntu umwe yakomeretse; ni umufasha w'umufotozi w'ikinyamakuru Liberation.

Igipolisi kivuga ko indege zaco za kajugujugu ziriko zirahiga uwo muntu yitwaje inkoho, mw'ibarabara rizwi cane ryo muri uwo muji, Champs-Elysees.

Aho niho yururukiye imodoka yari yahitanye amaze kurasa ubwa kabiri, ku biro vy'ibanki Sosiete Generale.

Kuwa Gatanu, abakozi bo kuri television BFM batewe ubwona n'umuntu yitwaje ibirwanisho.

Igipolisi kivuga ko amasanamu bafise yerekana ko uwakoze ivyo vyose ashobora kuba ari umuntu umwe.