Iran ngo ntibanduka ku mugambi wa nuclear

Image caption Ifoto yasohowe n'urubuga rwa leta, yerekana Ayatollah Khamenei ashikiriza ijambo isinzi ry'abantu iTehran 20/11/13

Umukuru w'ikirenga wa Iran, yavuze ko Iran igihagaze ku mugambi wayo wa nuclear mu gihe iGeneve uyu munsi hasubiye gutangura ibiganiro hagati ya Iran n'ibihugu vya rutura.

Bwana Khamenei yagereranije igihugu ca Israel n'imbwa isara yo mu karere.

Ubufaransa bukaba bwavuze ko ayo majambo yiwe adashobora kwihanganirwa kandi ko agiye gutuma ibiganiro bigorana.

Abaserukira ibihugu bari muri iyo nama y'iGeneve bizeye ko bashobora gushika ku ngingo y'infatakibanza yotuma Iran igabanya ibikorwa vy'umugambi wayo wa nucleair, nayo ikabona kugabanirizwa ibihano n'amakungu.