Centrafrika mu biganiro na Joseph Kony

  • 20 Ukw’icumi na rimwe 2013
Image caption Joseph Kony muri Sudani y'epfo mu 2006

Umuvugizi wa leta ya Centrafrika, yabwiye BBC ko Joseph Kony ari mur'ico gihugu, ariko ngo ashaka kubanza kumenya ko umutekano wiwe utazohungabanywa, imbere yo kwitanga.

Leta zunze Ubumwe za Amerika zakomeje gufasha ingabo za Uganda guhiga Kony.

Bwana Kony aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku vyaha vyo mu ntambara birimwo gufata abantu ku nguvu, uwbicanyi no gushira abana mu murwi witwaje ibirwanisho LRA.

Kumenyekana kwa JOseph Kony kwagiye kwiyongera cane kuva igihe mu mwaka uheze, hasohorewe video yaciye kuri internet, Kony 2012, ikarabwa na miliyoni z'abantu hirya no hino kw'isi.