Malala Yousafzai yahawe agashimwe na EU

Image caption Malala Yousafzai yakira agashimwe k'ishirahamwe rya Bulaya 20/11/13

Malala Yousafzai yarashwe mu mutwe n'aba Taliban mu mwaka uheze, bamuziza guhimiriza abandi kuja mu mashure, akaba yaronse agashimwe gatangwa buri mwaka n' ishirahamwe rya Bulaya.

Malala Yousafzai yarashwe mu gitero c'uwo mutwe w'aba Taliban, binjiye mu modokari ya bus y'ishure ryiwe.

Umukuru w'inama nshingamateka y'ishirahamwe rya Bulaya niwe yashikirije ako gashimwe Malala Yousafzai, aho yavuze ko yacitse kw'icumu kandi ari intwarikazi.

Uwo mwana w'imyaka 16 nawe yitiriiye ako gashimwe abo yise ko ari intwari zitazwi canke zidashimagizwa, zo mu gihugu ciwe ca Pakistani.

Yahamagariye amakungu guha uburenganzira bwo kwiga abana baharurwa mu ma miliyoni hirya no hino kw'isi.

Mu bamaze gutsindira ako gashimwe kitiriwe Sakharov, harimwo Nelson Mandela yaharaniye kurwanya amacakubiri muri Afrika y'Epfo, na Aung San Suu Kyi aharanira uburengazira muri Birmaniya.