Ubwumvikane buke mu nama kw'ihindagurika ry'ibihe

Image caption ihindagurika ry'ibihe

Imirwi itandatu irimwo umurwi Friends of The Earth, Greenpeace na Oxfam, WWF na ActionAid ndetse na International Trade Union Confederation, ivuga ko ibihugu vyananiwe kuganira mu ntumbero nziza.

Iyo mirwi ivuga ko ama leta yitavye inama kw'ihindagurika ry'ibihe ibera muri Pologne, ariko arayisimbura.

Ivyo bihugu ngo ntibivuga rumwe ku ngingo zofatwa mu kugabanya imyuka yonona igisenge gikingira umubumbe w'isi.

Iyo nama y'indwi zibiri yitabiriwe n'ibihugu bigera ku 190 izorangira ejo aho bukera.

Mw'itangazo iyo mirwi yatanze, ivuga ko ivyo biganiro bigeze ahatemba.