USA: Bibutse igandagurwa rya perezida J Kennedy

Image caption Imodoakri ya Kennedy

Umukuru w'igisagara ca Dallas, Mike Rawlings, yayoboye ibirori yavuze ko umunsi perezida Kennedy agandagurwa, usa n'umunsi urwanko n'icizere bisekana.

Ku masaha perezida Kennedy yarasiweko mur'uwo muji hasamiranye inzogera, indege za gisirikare ziraguruka mur'ico kirere.

IWashington, abo mu muryango wa Kenndy bashize urugori rw'amashurwe ku ntatemwa yiwe iri mw'itongo rya Arlington Natinal Cimetery.

Mu gihugu cose amadarapo yadugijwe gushika hagati, kandi habaye umwanya w'agacerere no kumwunamira.

John Kennedy yashizwe mu bakuru b'igihugu babaye rurangiranwa muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, n'ubwo yatwaye igihe kidakwiye imyaka itatu.