Inyubakwa yahenukiye ku bantu muri Lettonie

  • 22 Ukw’icumi na rimwe 2013
Inyubakwa y' ikibanza c'amaduka yahenutse Riga

Abafise abantu bakigomyeyo n'ubu baracarindiriye hanze mu gihe igikorwa co kurondera abari munsi y'ibihomoka kibandanya.

Umunyamakuru ariyo avuga ko bigoye kwizera ko hari abo bashobora gusanga bakiri bazima.

Icatumye iyo nyubakwa ihenuka n'ubu ntikiramenyekana.

Igipolisi kikavuga ko hatanguye itohoza mu kumenya niba yubatswe hakurikijwe amategeko.latvia