Syria:Imirwi irwanya leta yunze urunani

Image caption Bamwe mu barwanya leta muri Syria

Mw'itangazo ryaciye kuri television, iyo mirwi ivuga ko kuva ubu yatoye kwitwa "Islamic Front".

Bubaye ubwa mbere imirwi ya "Syrian Islamic Liberation front" na "Syrian Islamic Front" ikorana, kubera uko kuja hamwe.

Iyo mirwi yatanze uko urwego rujejwe kuyobora abandi rwubatse, aho ubuyobozi bwasaranganijwe hagati y'iyo mirwi yose uko ari indwi.

Kuja hamwe kw'iyo mirwi kuje mu gihe abarwanyi mu muji wa Aleppo baheruka gutera akamo abarwanyi bose bishimikiza amategeko ya islam muri Syria, ngo babaterere agacumu k'ubumwe.