Angola: Uruhagarara i Luanda

  • 23 Ukw’icumi na rimwe 2013
Umuji wa Luanda
Image caption Umuji wa Luanda

Igipolisi muri Angola cakoresheje ivyotsi bikoroza amarira kinarasa hejuru mu gushwiragiza abatavuga rumwe na leta bari mu myiyerekano kubera ibura rya bagenzi babo babiri.

Iyo myiyerekano ku murwa mukuru Luanda yari yateguwe n'umugambwe UNITA utavuga rumwe na leta, wamaze imyaka mirongo ibiri n'indwi urwanya MPLA iri ku butegetsi.

UNITA ivuga ko abantu bayo barenga mirongo ibiri bamaze gufatwa.

Mu ntango za kuno kwezi umukuru w'igihugu wa Angola yirukanye uwujejwe iperereza kubera ivyagiriji vy'uko abajejwe umutekano ari bo banyuruje bagashobora kuba baranishe abo banywanyi babiri ba UNITA.