Misiri na Turkiya ntibicana uwaka

  • 23 Ukw’icumi na rimwe 2013
Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza Turkiya
Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza Turkiya

Misiri yategetse uwuserukiye Turkiya kuva mu gihugu ica inamenyesha ko imigenderaniye na leta ya Turkiya igabanijwe.

Ibi Misiri yabikoze mu kwerekana ko itanezerejwe n'uko Turkiya ishigikiye umukuru w'igihugu Mohamed Morsi yakuwe ku butegetsi.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwiyamirije ibiheraka gusabwa n'umushikiranganji wa mbere Recep Tayyip Erdoyan, ashigikiye ivyiyumviro bikaze vya Islam, yuko Morsi yorekurwa.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko vyerekana ko bwana Recep afise ugusha kwo kurwanya ivyo abanyagihugu ba Misiri bishakiye.

Ubushikiranganji bwa Turkiya bujejwe imigenderanire buvuga ko Turkiya nayo iza gutanga inyishu ibereye mu gihe kiri imbere.