Maurtania: Amatora ya mbere mu myaka itanu

Mohamed Ould Abdel Aziz yizeye intsinzi
Image caption Mohamed Ould Abdel Aziz yizeye intsinzi

Muri Mauritania bari mu matora y'abashingamateka n'ayo mu ntara, ya mbere kuva igisirikare gitembagaje ubutegetsi hakajako Mohamed Ould Abdel Aziz.

Umugambwe wiwe, Union for the Republic, vyitezwe ko ariwo utsindira intebe nyinshi, ukaba wongerejwe ingoga no kwikura mu matora kw'imwe mu migambwe itavuga rumwe na lera harimwo iya ki Islam.

Umugambwe mukuru mu ya ki Islam, Tewassoul, wo wagiye mu matora yitabwe kandi n'iyindi migambwe irenga mirongo indwi.

Bwana Abdel Aziz yatowe haciye umwaka umwe afashe ubutegetsi, ariko abatavuga rumwe na leta bagira ku vyiyumviro vya ki Islam ntibigeze bemera iyo ntsinzi.