Muri Mali baratora abashingamateka

Amasanamu ya bamwe mu bahiganwa muri Mali
Image caption Amasanamu ya bamwe mu bahiganwa muri Mali

Ibiro vy'amatora vyugaye muri Mali, amatora y'abashingamteka akaba yabaye mu mutekano ariko ntiyitabiriwe cane.

Aya matora yari iyindi ntambwe yo kugarukana demokrasi nyuma y'igitero gishigikiwe n'abasirikare b'u Bufaransa.

Ico gitero casubije inyuma abarwanyi ba ki Islam hamwe n'abashaka ukwiyonkora, bari barigaruriye kure y'igice c'igihugu cose.

Umunyamakuru wa BBC ari ku murwa mukuru Bamako avuga ko humvikanye amakuru y'uburiganya, hakaba ngo hari abahawe amahera kugira batora.

Uwo munyamakuru avuga ko abanye Mali batizera cane inama nshingamateka yabo nyuma y'imyaka itari mike bakorerwa nabi n'abashingamateka.

Umutekano wari ucungerewe cane imbere y'ibiro vy'amatora, kuko ubwicanyi bwari bwasubiye kwiyongera.