Abantu 12 barishwe mu buraruko bwa Nigeria

Abarwanyi ba Boko Haram
Image caption Abarwanyi ba Boko Haram

Igipolisi muri Nigeria kivuga ko abantu cumi na babiri bishwe, amazu araturirwa, mu gitero ku kigwati kiri muri leta ya Borno mu buraruko.

Ababibonye bavuga ko abantu bitwaje ibirwanisho bashika nka mirongo itatu, baje ku mapikipiki n'imiduga batera ikigwati ca Sandiya kuwa Kane.

Bavuga ko abo bateye ari abo mu mugwi wa ki Islam, Boko Haram, bakaba bagirije abatuye ico kigwati gukorana n'abajejwe umutekano.

Amakuru y'ico gitero niho akimenyekana kuko telefone ngendanwa zahagaritswe muri ako karere.

Abacitse kw'icumu bagomvye kugenda hafi ibirometero ijana kugira bashike ku murwa mukuru w'intara Maiduguri, ngo batangaze iyo nkuru.