Korea y'uburaruko yoba yirukanye Jang

  • 3 Ukw’icumi na kabiri 2013
Jang Song-Thaek
Image caption Jang Song-Thaek

Amakuru ava muri Kore y'ubumanuko avuga ko umunye politike akomeye wo muri Korea y'uburaruko, se wabo n'umukuru w'igihugu Kim Jong-un, yakuwe mu kazi.

Jang Song-Thaek yakuwe mu kazi kiwe nk'icegera c'umukuru w'umugwi w'igihugu ujejwe kwivuna umwansi, uwo mugwi ukaba ari umwe mu nzego za leta zikomeye cane.

Ayo makuru yatanzwe n'umushingamateka wo muri Korea y'ubumanuko, amaze kuvugana n'umunetsi w'ico gihugu.

Nivyemezwa, bizoba bisigura ko habaye amahinduka akomeye muri ico gihugu gikorera mw'ibanga rikomeye.