Nelson Mandela yitavye Imana

Image caption Nelson Mandela

Prezida Jacob Zuma yavuze ko Nelson Mandela yasezeye isi amahoro.

Yashengeye ari ku rugo iwe iJohannesburg.

Abo mu muryango wiwe bari bakoraniye imuhira iwe.

Hari hashize iminsi ibiri umukobwa wiwe Makaziwe Mandela, avuze ko Mandela akomeza kwifata rugabo n'ubwo amagara amukitse.

Bwana Mandela yari amaze igihe yitabwaho n'umurwi w'abaganga imuhira iwe, kuva aho atahaniwe akuwe mu bitaro mu kwezi kw'icenda.

Ubuzima bwa Nelson Mandela muri make

Nelson Mandela yavukiye mu karere ka Transkei, yiga amashure yo kuba umushingwamanza, muri kaminuza yari imwe rudende yemera abirabure ico gihe.

Yahavuye ashinga ANC, African National Congress, ico gihe wari umuhari wa politike, utacana uwaka na leta karyanishamiryango ya Apartheid.

Nelson Mandela yaciriwe gupfungwa umunyororo w'ubuzima bwose kubera ivyo bikorwa vyiwe vya politike, amara imyaka 27 mu mvuto.

yarekuwe mu 1990, inyuma y'imyaka ine yahavuye aba umukuru w'igihugu wa mbere atowe biciye muri demokarasi muri Afrika y'epfo.

Yatwaye ikiringo kimwe gusa c'imyaka itanu, ariko yakomeje kuba rurangiranwa mu makungu .

Abategetsi mu makungu bamuteye iteka

Abategetsi bakomeye hirya no hino kw'isi bakomeje guha icubahiro Nelson Mandela kuva aho bamenyeye urupfu rwiwe.

Perezida Obama yavuze ko bwana Mandela yageze ku biruta ibishobora kwiterwa ku buzima bw'umuntu uwariwe wese.

Bwana Obama yagize ati: "yahevye umwidegenvyo wiwe kugira abandi babone umwidegenvyo".

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon, yagereranije Mandela n'igihangange mu butungane, yabereye akarorero benshi kw'isi ku kurwana atiziganya urugamba rwo guharanira agateka, uburinganire n'ukwira no kwizana.

Umugambwe ANC wa Nelson Mandelam wavuze ko Afrika y'epfo n'isi nzima bibuze intwari y'akataraboneka, ikoranije kwifata ruto, guharanira uburinganire, ubutunane n'amahoro