Umuryango wa Mandela urashima ko uremeshejwe

Image caption Barahimbaza ubuzima bwa Mandela imbere y'urugo rwiwe ruri Houghton

Umuvugizi w'uwo muryango General Themba Matanzima, yavuze ko abo mu muryango wa Mandela baremeshejwe n'uko umubabaro barimwo bawusangiye na miliyoni z'abantu.

Yavuze ko uko urupfu rwa Nelson Mandela rwakiriwe n'abantu bo mu mihingo itandukanye y'isi, vyerekanye ko atari umunyagihugu wa Afrika y'epfo gusa, ahubwo yari uw' umuntu w'isi yose.

Leta ya Afrika y'epfo yatangaje kare ko isandugu yiwe izomara iminsi itatu izenguruka mu mabarabara ya Pretoria, kugira abantu bamusezere.