Abakuru b'ibihugu 60 bazosezera Mandela

Image caption Abari mu masengesho ya Mandela

Urubanza rwo gusezera Nelson Mandela ruzoba ku munsi w'Imana iQunu muri Eastern Cape aho yakuriye.

Imisa yo kumwibuka izoba ku munsi wa kabiri muri stade ya Johannesburg, izokwerekanwa mu bindi bibanza bizoba vyakoraniyemwo abantu benshi.

Uyu munsi miliyoni z'abantu muri Afrika y'epfo biriwe mu misa yo gusabira bwana Mandela kuri uno munsi wari witiriwe inkuka yiwe mu gihugu hose.

Umunyamakuru wa BBC ari Soweto avuga ko ibisabisho bishobora kubandanya no muri iri joro.