Afrika y'epfo yahereje imisa ya Mandela

Image caption Amasengesho kuri Mandela

Perezida Jacob Zuma yavuze ko Nelson Mandela yahagurukiye ubwisanzure aharanira kuvanaho agacinyizo.

Yashimiye abanya Afrika y'epfo uburyo bifashe igihe c'urupfu rwa Mandela, ashima ko igihugu kigeze kure mu gukira ibibi caciyemwo.

Kw'isengero ryitiriwe umutagatifu Regina Mundi muri Soweto, patiri Sebatian Roussouw yagereranije Nelson Mandela n'umuco wakiye mu mwiza.

Yakeje ubushobozi bwa Nelson Mandela bwo kwicisha bugufi no kubabarira.