Nairobi: Umunyeshure yaguye mu myigaragamvyo

Igipolisi ca Kenya
Image caption Igipolisi ca Kenya

Umunyeshure yarashwe n'abapolisi arapfa ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, mu myigaragamvyo kuri kaminuza.

Igipolisi cakoresheje amasasu nyayo mu gushwiragiza umugwi w'abanyeshure bari mu myiyerekano kubera mugenzi wabo yapfiriye mw'ibohero ry'abapolisi.

Uwo munyeshure yari yapfunzwe yagirizwa kwiba ikibazo.

Igipolisi kivuga ko uwo munyeshure yiyahuye, ariko abigaragamvya bo bakavuga ko ashobora kuba yarakubiswe gushika agacikana.

Abanyeshure bo kuri kaminuza ya Nairobi, baciye batera ibiro vy'igipolisi, bazibira amabarabara banamenagura imiduga.