Libya: Abashaka kwiyonkora bazibiye ibitoro

Ahimbwa ibitoro muri Libya
Image caption Ahimbwa ibitoro muri Libya

Umugwi ushaka kwiyonkora wo mu buseruko bwa Libya uvuga ko utazorekura ibitoro wazibiye kuko utumvikanye na leta.

Uwo mugwi umaze amezi menshi wigaruriye ibivuko bitatu kugira uremere leta yemere ivyo usaba.

Umukuru wawo, Ibrahim al-Jathran, yavuze ko leta itujuje ingingo bari bumvikanye, harimwo gukorera ahabona mu bijanye no kugurisha ibitoro, hamwe no kureka umugwi wiwe ukaronka kuri ivyo bitoro.

Imigwi yitwaje ibirwanisho yafashe inganda bimbamwo ibitoro hamwe n'ibibanza bicishwamwo mu gushorerwa hanze biri hirya no hino muri Libya.

Vyatumye gushobora ibitoro bibangamirwa, ibitoro birakena mu gihugu, umuyagankuba nawo ukaza uracika.