Nelson Mandela yashinguwe mu cubahiro

Gushingura Mandela
Image caption Gushingura Mandela

Umwirabura wa mbere yabaye umukuru w'igihugu wa Afrika y'epfo, Nelson Mandela, yashinguwe.

Yapfubwe mw'itongo ry'umuryango mu karere ka Qunu aho yakuriye mu ntara ya Cape y'ubuseruko.

Ipfubwa ryiwe ryabanjirijwe n'umuhango wo kumusezera ubwanyuma, aho abategetsi bo muri Africa, abangenzi n'umuryango bakeje uwo mugabo yatwaye Afrika y'epfo mu gihe c'uguhindura ubutegetsi bukegukira ba nyamwinshi b'Abirabura.

Umukuru w'igihugu w'ubu, Jacob Zuma, yavuze ko mugihe urugendo rurerure rwa Mandela rwo kurondera ubwigenge rwaheze, ngo Africa y'epfo igomba kubandanya iragi ryiwe.

Umwuzukuru wa bwana Mandela, Nandi, yavuze ko abanye Afrika y'epfo bari bakwiye kureka gutanako umwikomo bagakurikiza akarorero ka Mandela.

Ahmed Kathrada, yapfunganywe na Mandela, yavuze ko yabuze umuvukanyi, ngo ubuzima bwiwe nta ntumbero bugifise, ngo ntafise ico yokora.

Ipfubwa mu mico kama

Ipfubwa rya Mandela ryabaye hakurikijwe imigenzo y'umuryango wiwe w'aba Xhosa.

Umufasha wa bwana Mandela, Graca Machel hamwe n'umukuru w'igihugu Jacob Zuma niho bari bari, igihe imva ya Mandela yashingurwa mw'itongo ry'abapfuye ry'umuryango wiwe.

Abandi batumire bashika amajana nabo nyene bitavye uwo muhango.

Indege za kajugujugu zitatu zaciye hejuru zitwaye amabendera ya Afrika y'epfo.

Hakurikiye indege z'igisirikare zirekura imyotsi mu kirere ca Qunu, zikurikirwa n'iraswa ry'inkoho mu kwerekana icubahiro.