Ipfubwa rya Nelson Mandela i Qunu

Isandugu y'umuhisi Mandela i Qunu
Image caption Isandugu y'umuhisi Mandela i Qunu

Umuhango wo gupfuba Nelson Mandela watanguye i Qunu mu ntara ya Eastern Cape muri Africa y'epfo.

Umuhango rusangi uriko urabera mu nyubakwa isa n'ihema yera, hakaba harimwo abantu bashika ku bihumbi bitanu harimwo abanye politike n'abanyacubahira b'abanyamahanga.

Mu mwanya waheze, ikiduga ciremetse igikoho kiriko ikiziga ca bwana Mandela, catanguye urugendo cerekeza iyo nyubakwa y'ihema.

Haciye hatangura amajambo n'indirimbo, bibuka ubuzima n'ivyaranguwe n'uwabaye umukuru w'igihugu wa mbere w'umwirabura yatwaye Afrika y'epfo.