Uburusiya bwemereye infashanyo Ukraine

Image caption V Putin Na V Yanuckovych bahuriye Minsk 24/10/2013

Bwana Putin ivyo yabitangaje mu gihe mugenziwe wa Ukraine Viktor Yanukovych ari mu rugendo iMoscow, gusaba ko Uburusiya bufata mu mugongo Ukraine.

Igihe bashira igikumu ku masezerano y'ubudandaji atandukanye, bwana Putin yavuze ko Ukraiine ari umunywanyi kirumara.

Ibihumbi vy'abanyagihgu ba Ukraine muri iyi minsi iheze bagiye mu myiyerekano, yo guhatira leta ya bwana Yanukovych kwegera ishirahamwe rya Bulaya, akaba ari ho asaba infashanyo.