Ubwicanyi bwahitanye abarenga 30 muri Iraq

Karbal-shia
Image caption Karbal-shia

Abakoze ivyo bitero badutse mu muji wa Baghdad no mu bindi bibanza bibiri vyo mu bumanuko, aho batota aba Shia bari mu rugendo baja gushengerera ibirori vy'idini iKarbala.

Kare mu muji wa Baghdad, umugabo umwe b'abandi bane bo mu muryango iwe barashwe n'abantu bari mu myambaro ya gisirikare.

Ubugizi bwa nabi bufatiye ku mirwi y'amoko canke imiryango muri Iraq mur'uyu mwaka bwahitanye abantu barenga 8000.