Leta ya Syria irerwa kunyuruza abanyagihugu

Image caption Syria

Abajejwe gutohoza kw'iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu bo mw'ishirahamwe mpuzamakungu, bamenyesha ko ingabo za leta ya Syria zanyuruje abanyagihugu basanzwe.

Abanyurujwe ngo bivugwa ko batazwi irengero, ivyo ngo bigakorwa mu ntumbero y'isekeza ryo gutera abantu ubwoba, rigeze ku rugero rishobora gufatwa nk'icaha co gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu.

Icegeranyo cabo cerekana ko abantu baharurwa mu buhumbi batazwi irengero, abenshi mu bazimiye bakaba batigeze bongera kuboneka.

Ico cegeranyo kivuga ko aba mbere mu banyurujwe ar'abagize uruhara mu myiyerekano yo kwiyamiriza leta, ariko ubu ngo n'abaganga bavura abarwanyi bakomeretse batanguye kuja bartotwa.