Papa yibanze ku turere turimwo intambara

Papa Francis ashikiriza ijambo rya Noel i Roma
Image caption Papa Francis ashikiriza ijambo rya Noel i Roma

Papa Francis yibanze ku turere twasinzikajwe n'intambara mw'ijambo ryiwe rya mbere ashikirije ku munsi wa Noel.

Yasavye impande zihanganye muri Syria kureka imfashanyo igashikira abayikeneye.

Papa yasavye kandi ko imirwano ihagarara muri Sudani y'epfo, asaba abategetsi bo kw'isi kwibanda cane kuri Centre Afrique, avuga ko ico gihugu cirengagijwe kenshi.

Avuga ku vyerekeye amajana y'abimukira b'abanye Eritrea barohamye bashitse ku nkengero z'u Butariyano kw'izinga rya Lampedusa mu kwezi kw'icumi, yavuze ko ahangayikishijwe n'abashira ubuzima bwabo mu mazi abira barondera ubuzima bwiza.