DRC: Ingabo zagaruye umutekano iKinshasa

Image caption Ifoto y'ikigo c'iradio ya leta iKinshasa, yafashwe 16/06/2004

Ikigo c'iradiyo ya leta ku murwa mukuru Kinshasa cari cafashwe mu kiringo gitoyi, ikibuga c'indege n'ikigo ca gisirikare biraterwa.

Ariko umushikiranganji wo kumenyesha amakuru akaba n'umuvugizi wa leta ya Congo Lambert Mende, yabwiye BBC ko mu bari bateye hishwe abagera ku 40, kandi ko ibintu vyamaze gusubira mu buryo.

Bikekwa ko abateye boba ari abayoboke ba Gideon Mukungubila, avuga ko ari umuvugabutumwa.

Igisirikare kimenyesha kandi ko habaye gutana mu mitwe hagati y'ingabo za leta n'abafise ibirwanisho mu muji wa Lubumbashi uri mu buseruko bw' igihugu .