Papa yiyamirije ubugizi bwa nabi n'ikumira

  • 1 Ukwa mbere 2014
Image caption Papa Francis

Imbere y'ibihumbi vy'aba kirisu mu kibanza citiriwe Petero Mweranda iRoma, papa yahamagariye abantu kwihanganirana mu budasa bwabo, no gutsinda inyosha zibatwara mu ndyane.

Yasavye aba katolika kwerekana umwete n'ukwizera mur'uyu mwaka utanguye.

Mur'uyu mwaka wiwe wa mbere nk'umwungere mukuru wa Ekleziya, papa ariko yihatira gushikira abari mu buzima bubangamiwe kurusha abandi.

Papa ateganya kandi gukora amahinduka mu buryo ubutegetsi bwa Vatican butunganije.