Leta ya Irake yatakaje Fellujah

  • 4 Ukwa mbere 2014
Abarwanyi i Ramadi muri Irake
Image caption Abarwanyi i Ramadi muri Irake

Amakuru ava muri Irake avuga ko leta y'ico gihugu yatakaje umuji wa Fellujah uri mu burengero bw'igihugu.

Fellujah ni umwe mu miji ikomeye abasirikare ba Amerika babanje kugarukanamwo umutekano imbere y'uko bava muri ico gihugu ubu haciye imyaka ibiri.

Umwe mu bajejwe umutekano yabariye BBC ko umugwi ufitaniye imigenderanire na Al-Qaeda, Islamic State of Iraq and Syria, ariwo ugenzura igice c'ubumanuko bw'uwo muji.

Umunyamakuru w'umunye Irake ari i Fellujah yabariye BBC ko abarwanyi baserukiye amoko hamwe n'abashigikiye Al Qaeda, bagenzura ahasigaye.

Imirwano yatanguye mu karere k'uburengero nyuma y'aho igisirikare gisamburiye inkambi y'abari mu myigaragamvyo yo kwiyamiriza leta mu muji wa Ramadi.

Iyo nkambi yashinzwe n'Abarabu b'aba Sunni bariko bariyamiriza ico bita "ikumirwa ryabo rigirwa na leta yiganjemwo aba Shia".