Umubaga wa Al-Qaeda muri Libani yapfuye

Igitero ku biro biserukiye Irani muri Libani
Image caption Igitero ku biro biserukiye Irani muri Libani

Igisirikare ca Libani kimenyesha ko umugaba mukuru wa Al Qaeda muri ico gihugu, Majed Al-Majed, yapfiriye mw'ibohero.

Bwana Majed yamuka muri Arabie Saudite, yari umukuru w'umugwi ukorana na Al-Qaeda witwa Abdullah Azzam Brigades, wagavye ibitero vyinshi vy'amabombe mi bice bituwe n'aba Islam b'aba Shia benshi.

Uwo mugwi kandi niwo wagavye igitero ku biro biserukiye Irani muri Libani.

Bwana al Majed yishwe n'uburwayi bw'amafyigo, kandi yari asanzwe aremvye.

Yafashwe mu mpera z'ukwezi guheze, apfungirwa ahantu hagizwe ibanga.